Uko wahagera

USA: Bahangaye Urubura Baratora


Amatora y'abakandida Perezida
Amatora y'abakandida Perezida

Abanyamerika bo muri reta ya New Hampshire, baratora uno musi ku wa kabiri mu matora ya mbere agenewe kuzohitamwo abakandida ku mwanya wa Perezida w'Amerika.

Mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa kabiri urubura rukonje rwaguye ari rwinshi cane mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu, aho rwageze ku rugero rwa santimetero mirongo ibiri. Ibi vyatumye bitoroha kugira uruja n’uruza muri iyo reta ya New Hampshire

Yamara ivyo ntivyabujije abantu kuja gutora. Ivyatohojwe imbere y’amatora muri vyerekana ku ruhande rw’Abakandida b’Abademokarate ko Bernie Sanders akiri imbere bikomeye y’uwo bahiganwa Hillary Clinton.

Ku ruhande rw’Abarepublika, Donald Trump asa n’uwuri imbere bikomeye y’abandi bakandida bahiganwa mu mugambwe wabo. Abandi bakandida batandatu bariko bahiganirwa ikibanza ca kabiri inyuma ya Trump. Abo barimo ba senateri Ted Cruz wo muri reta ya Texas na Marco Rubio ukomoka muri Florida.

XS
SM
MD
LG