Uko wahagera

USA: Reta ya Iowa Yajonjoye Abakandida Perezida


Iowa Caucus
Iowa Caucus

Amatora y’ijonjora ry’abakandida bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z'Amerika yaratangujwe ejo kuwa mbere.

Aho n’inyuma y’umwaka wose wari urangiye abakandida bo mu migambwe y’aba Repubulika n’aba Demokarate biyamamaza hagati mugihugu.

Abanyagihugu bo muri reta ya Iowa nibo bahawe amahirwe ya mbere yo guhitmao uzaba umukandida perezida.

Ku ruhande rw’abo mu mugambwe w’aba Demokarate, uwahoze ari sekereteri wa reta wa Reta ya Amerika Hillary Clinton aza imbere ya Senateri wo muri reta ya Vermont Bernie Sanders. Hillary Clinton yaronse amajwi 49,9 mugihe Sanders yaza ku majwi 49,5 kw’ijana.

Mu bo mu mugambwe w’aba repubulika, Senateri wo muri reta ya Texas Ted Cruz yatsinze umugwizatunga yikorera ivyiwe Donald Trump. Ted cruz afise amajwi 28 kuri 24 kw’ijana ya Donald Trump. Umwanya wa gatatu ku bice 23 kw'ijana hazaho Senateri Marco Rubio wo muri reta ya Florida.

Amatora y'ijonjora azakomereza mur reta ya New Hampshire ku munsi wa kabiri w'indwi iza.

XS
SM
MD
LG