Uko wahagera

USA: Hillary Clinton na Donald Trump kw'Isonga


Muri Reta zunzubumwe z'Amerika, umukandida wo mu mugambwe w’aba Demokarate Hillary Clinton niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’ijonjora y’ico bita "Super Tuesday", canke Umusi wa kabiri udasanzwe. Uwo bahiganwa mur’uyo mugambwe Senateri wo muri reta ya Vermont Bernie Sanders yatahukanye ikibanza ca kabiri.

Muruhande rw’aba republika, umugwizatunga yikorera utwiwe Donald Trump niwe yatahukanye intsinzi mur’ayo matora.

"Super Tuesday" ni umusi uhambaye mu kirangamisi c’amatora y’ijonjora muri Amerika mugihe haba hakenewe igice ca kane c’aba delege kugira hashobore kuboneka umukandida agomwa mu migambwe yaba mubademokarate canka Abarepublika.

Abanyagihugu bari bahamagariwe gutora mu ma reta ashika 11 y'Amerika uhereye muri reta ya Georgia ugashika muri reta ya Alaska.

XS
SM
MD
LG