gahunda y'itangazamakuru
13:00 - 13:30
Iwanyu mu ntara
Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yakombowe mu mabanga yiwe. Inama nshingamateka yemeje ijana kw'ijana Gervais Ndirakobuca nk'umushikiranganji wa mbere. I Kigali hakoraniye inama igamije kwiga ku iterambere ry'ubuhinzi no kwihaza mu biribwa ku mugabane w'Afurika.
19:30 - 19:59
Amakuru ku Mugoroba
Inzego z’umutekano, igipolisi n’inyamiramabi zahinduwe mu gihugu cose c'Uburundi. Hahinduwe kandi abajejwe ububiko bw’ibirwanisho mu gipolisi. Bamwe muri izo nzego bemeza ko abahinduwe ari abari bashigikiye uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yakuwe mu mabanga yiwe.