Radio
Murisanga
Mu kwezi giheze, mu gusozera akaruhuko k’ibikogwa vya reta yari arimwo umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste #Ndayishimiye yaragendeye abavuzi b'#Ingoma bo mu ntara ya #Gitega mu kibanza c’imico kama y’igihugu ca #Gishora. Yaravugije ingoma kumwe n’umugwi waho. Hari bamwe mu Barundi bashimye uburyo yifatanije n’abavugiji b’ingoma mu kwerekana akamaro n’ikibanza kinini ingoma zifise mu karanga k'uburundi. Ariko hari n’abandi bavuga ko batahimbawe n’uko umukuru w’igihugu yavugije ingoma mu gihe babona ko ari we yarakwiye kuzivugirizwa. Ni vyo tuganira muri #Murisanga
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Prezida w'u Rwanda Paul Kagame avuga ko yishimiye intambwe Uburundi n'u Rwanda bigezeko mu kunagura imigedneranire hagati y'ivyo bihugu bibiri. PAM Ihangayikishijwe n'abarenga miliyoni 13 mu karere k’ihembe ry’Afurika bugarijwe n’inzara ikomeye.
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Reta y'intara ya Afar muri Etiyopiya itangaza ko abantu barenga 300,000 bakuwe mu zabo n'ingwano muri iyo ntara kuva mu kwezi kw'icumi na kabiri w'umwaka urangiye w'i 2021. Mu karere k'ibiyaga binini, Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yizeza kunoza burundu umubanoi n'Uburundi