Abasirikare b’igihugu ca Ukraine, bari mu bimodoka vya blinde, hafi y’igisagara ca Slovyasnk, ntibarondeye kwivuna, mu kurekurira abashigikiye Uburusiya, gushira amadarapo y’igihugu c’Uburusiya, kuri ivyo bimodoka vya blinde
Abarwanya ubutegetsi bavurwa ko basubiye gufata igisagara ca Bentiu, ku musi wa kabiri.
Icegera ca prezida wa Amerika,Joe Biden yavuze kw’abarokotse ico gitero ari akarorero kerekana ko Amerika idashobora gutsindwa.
Inteko za Reta zatanguye igikorwa ca gisirikare citondewe, mu gice co mu buseruko bw’igihugu kivuga ururimi rw’ikirusiya
Igipolisi caharagaritse, Frazier Glenn Cross, intagondwa y’umuzungu amaze igihe azwi, ari mu murwi, Klu Kux Klan, ku bijanye n’iraswa ry’abantu batatu, mu ntara ya Kansas.
Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan yasavye abanya Nigeria kuba magabo, akaba yamenyesheje kw’umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, Boko Haram, uri inyuma y’ico gitero ca bombe
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaragabishije prezida w’Uburusiya, Vladimi Putin, ku musi wa mbere kw’Uburusiya buzofatirwa ibindi bihano, niyo ingingo ico gihugu kiriko kirafata muri Ukraine zabandanya.
Ashraf Ghani yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega n’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Abdullah Abdullah nibo bamaze kuja imbere y'abandi.
Papa Francis yasavye abantu nawe nyene arimwo kuraba mu mitima yabo kugira babone ukugene bariko babaho mu buzima bwabo.
Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Samantha Power, na Ambasaderi w’Ubwongereza mw’ishirahamwe O-N-U, Mark Lyall Grant, bagirije Uburusiya gukokeza ubwicanyi n’uruhagarara, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.
Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Israel, Tzipi Livni, yavuze kw’ingingo zafashwe n’abanya Palestina zirenga ku vyari vyasabwe, kugira abo banyororo barekurwe.
Abategetsi b’igihugu ca Ukraine, batangaza ko benshi mu bafpuye bishwe n’abahinga mu kurasa binyegeje.
Ivan Lopez, yakoze ubwo bwicanyi, yari afise ibibazo vyo mu mutwe,bishobora kuba vyabaye impamvu z’igitero yagize.
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yararungikiye ubutumwa bw’umubabaro, abageramiwe n’ico gitero, hamwe n’imiryango yabo
Prezida Obama yarahimbaje, ku musi wa kabiri, ico gitigiri kirengeye icari citezwe.
Ico kinyamugigima cabereye, ku bilometero mirongo icenda n’icenda, mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Iquique
Ayo mabombe yaturitse ku muhingamo wo ku musi wa mbere mu gice kirimwo aba Somalia benshi.
Abategetsi ba Amerika bavuga kw’Uburusiya bwarungitse abasirikare ibihumbi mirongo ine mu gice kiri ku rubibe n’igihugu ca Ukraine.
Prezida w’Ubufransa, yagenye umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Manuel Valls, kuba umushikiranganji wa mbere mushasha
Inteko za AMISOM zigaruriye igisagara ca el-Bur,mu gikorwa ca gisirikare camaze imisi itatu.
Voma ibindi