Uko wahagera

Abantu Bane Barapfuye mu Gitero mu Kibanza c'Igisirikare ca Fort Hood, muri Texas


Urwinjiriro rw'ikibanza ca gisirikare ca Fort Hood, mu ntara ya Texas
Urwinjiriro rw'ikibanza ca gisirikare ca Fort Hood, mu ntara ya Texas
Abategetsi bajejwe kwubahiriza amategeko ba Amerika, bamenyesha kw’umuntu yitwaje ibirwanisho yarashe, mu kibanza c’igisirikare ca Fort Hood, mu gice co hagati hagati mu ntara ya Texas, ku musi wa gatatu, yica abantu batatu, imbere yuko nawe yiyica.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, avugira mu gisagara ca Chicago, yararungikiye ubutumwa bw’umubabaro abageramiwe n’ico gitero, hamwe n’imiryango yabo, mu kuvuga ko bababajwe n’ukubo ibintu nkivyo bisubira kuba. Yatangaje kw’abakomeretse, n’imiryango yabo, ari abantu bitanze cane, ku vyerekeye ubwigenge.

Abategetsi b’ico kibanza ca gisirikare ca Fort Hood, baremeje ivyabaye, ku musi wa gatatu, inyuma yuko bitangajwe ubwa mbere, ku bibanza ngurukanabumenyi.

Ikibanza ca Fort Hood, cararasiwemwo abantu batari bake, mu mwaka w’2009. Abantu cumi na batatu barishwe, abandi barenga mirongo itatu barakomereka, igihe umusirikare yitaho abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe, yarasa ku bakora muri ico kibanza ca gisirikare.

Inyuma y’ico gitero co mu mwaka w’2009, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bwategetse gukomeza kurushiriza ingingo zerekeye umutekano, ku bibanza vyose vya gisirikare, vyo muri Amerika.
.
XS
SM
MD
LG