Uko wahagera

Ikinyamugigima Gikomeye Carabaye, mu Buraruko bw'Igihugu ca Chili


Igice ico kinyamugigima cabereyemwo
Igice ico kinyamugigima cabereyemwo
Ikinyamugigima gikomeye cane carabaye, mu gice cegeye ibahari mu buraruko bw’igihugu ca Chili.

Ikigo gikwirikirana ibinyamugigima vyo muri Amerika, catangaje kw’ico kinyamugigima cabereye, ku bilometero mirongo icenda n’icenda, mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Iquique, ku mugoroba wo ku musi wa kabiri.

Abategetsi b’igihugu ca Chili batangaje kw’imikuba y’mazi, ireha hafi y’imitero zibiri, yisutse mu bisagara biri ku nkengera z’ibahari. Nta tohozwa ry’ivyononekaye riraba muri iki gihe.

Ibiro bijejwe ibikorwa vyihutirwa, mu gihugu ca Chili, bimenyesha kw’ico kinyamugigima catumye isenyuka ry’imisozi bizibira amwe mu mabarabara.

Abategetsi bategetse abantu kuva mu biri ku nkengera z’ibihari.
XS
SM
MD
LG