Uko wahagera

Israel Yarahagaritse Umugambi w'Ukurekura Abanyororo b'abanya Palestina


Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri Israel, Tzipi Livni
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri Israel, Tzipi Livni
Igihugu ca Israel carahagaritse umugambi w’ukurekura umurwi ugira kane w’abanyororo b’abanya Palestina, bivuye ku gikorwa c’abayobozi b’umutegetsi bw’abanya Palestina w’ukubandanya umugambi w’ukwemerwa n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Israel, Tzipi Livni, yavuze kw’ingingo zafashwe n’abanya Palestina zirenga ku vyari vyasabwe, kugira abo banyororo barekurwe, ivyo navyo kukaba kwari uko abanya Palestina birinda gufata ingingo, atawe babanje kugisha inama.

Umuvugizi wa presidence ya Amerika, Jay Carney, yatangaje ko gutebesha irekurwa ry’uwo murwi ugira kane w’abanyororo b’abanya Palestina,bitera ibibazo, ko yamara umugambi w’amahoro hagati ya Israel n’abanya Palestina ukihari.

Ibiro vy’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Israel, Avigdor Lieberman, vyamenyesheje kw’aza kugira urugendo, uno musi ku wa gatanu, muri Amerika, mu biganiro kur'ico kibazo, harimwo kubonana mu ndwi iza na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry.

Imbere yaho, John Kerry yatangaje kw’ibiganiro hagati ya Israel n’abanay Palestina bigeze mu gihe gihambaye, ko kubandanya ibiganiro bizova kur'izo mpande zibiri.
XS
SM
MD
LG