Uko wahagera

Abari mu Myiyerekano muri Ukraine, Barashwe ku Mategeko ya


Umushikiranganji wa mbere w'intwaro yo hagati w'igihugu ca Ukraine, Arsen Avakov
Umushikiranganji wa mbere w'intwaro yo hagati w'igihugu ca Ukraine, Arsen Avakov
Abategetsi b’igihugu ca Ukraine, bagiriza abajejwe iperereza b’igihugu c’Uburusiya, na prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Ukraine, yari ashigikiye Uburusiya, Viktor Yanukovych, ku bwicanyi bwamaze imisi ibiri, bwakozwe ku bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta ya Ukraine, mu ntango z’uyu mwaka, bwahitanye ubuzima bw’abantu barenga ijana.

Abategetsi b’igihugu ca Ukraine, batangaza ko benshi mu bafpuye, bishwe n’abahinga mu kurasa binyegeje.

Umushikiranganji nfatakibanza w’intwaro yo hagati, Arsen Avanov, yabwiye abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru, Kiev, ku musi wa kane, ko Yanukovych yatanze itegeko ry’ukurasa abari mu myiyerekano, hagati y’italiki cumi n’umunani n’italiki mirongo ibiri z’ukwezi kwa kabiri.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuyobozi mukuru w’ibiro vy’iperereza mu gihugu ca Ukraine, yavuze ko bashobora kemwera kw’abajejwe iperereza b’igihugu c’Uburisya bagize uruhara, mu gutegura n’ugushira mu ngiro ico gikorwa bita iterabwoba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ukraine, mu mpera z’ukwezi kwa kabiri.

Reta y’igihugu ca Ukraine, yatangaje, ku musi wa kane, ko yataye mu mvuto, abapolisi badasanzwe bajejwe kurwanya imigumuko cumi na babiri bagirizwa ko barashe abari mu myiyerekano.
XS
SM
MD
LG