Uko wahagera

Uburusiya Bwarakuye Zimwe mu Nteko Zabwo ku Rubibe na Ukraine


Igihugu ca Ukraine kw'ikarata
Igihugu ca Ukraine kw'ikarata
Uburusiya, ku musi wa mbere, bwarakuye zimwe mu nteko zabwo, ku rubibe n’igihugu ca Ukraine, mu gihe ico gihugu carungitse umushikiranganji waco wa mbere, Dmitri Medvedev, mu ntara ya Crimee, Uburusiya buherutse kwigarurira, aho yemereye iyo ntara infashanyo itari nto.

Nta birenga ngaho vyamenyekanye, ku vyerekeye ikurwa ry’izo nteko, ku rubibe ku muhingamo, wo ku musi wa mbere, yamara abategetsi b’Uburusiya na Ukraine baremeje ko zimwe mu nteko zakuwe ku rubibe.

Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bavuga ko bakuye bataillon ku rubibe, iba kenshi igizwe n’abasirikare bari hagati y’amajana atanu n’amajana indwi.

Abategetsi ba Amerika bavuga kw’Uburusiya bwarungitse abasirikare ibihumbi mirongo ine, mu gice kiri ku rubibe n’igihugu ca Ukraine.

Muri ico gihe, umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitri Medvedev, yarayoboye abagize Reta y’Uburusiya, n’ivyegera vyabo, mu bisagara bikomeye vyo mu ntara ya Crimee, yigaruriwe n’inteko z’Uburusiya, mu ntango z’ukwezi kwa gatatu.

Ku murwa maukuru wa Ukraine, Kiev, abategetsi bariyamirije urugendo rwa Medvedev.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Ukraine bwararungitse kandi urwandiko rwiyamiriza urugendo rw’umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, muvyo bwavuze kw’ari urugendo, ku butaka bw’ikindi gihugu.
XS
SM
MD
LG