Uko wahagera

Robert Mugabe Azoshingurwa Aho Yavukiye


Umupfakazi wa Mugabe amwunamiye
Umupfakazi wa Mugabe amwunamiye

Ikiziga ca Perezida Robert Mugabe yahoze arongoye Zimbabwe caraye gishikanywe mu karere ka Zvimba azoshingurwamwo ejo ku wa gatandatu.

Umuryango w’umuhisi Robert Mugabe wivuguruje uhitamwo kuzomushingurana iteka mu rugo rwiwe ruherereye muri ako karere ka Zvimba kari ku bilometero 90 uvuye ku murwa mukuru Harare. Ni inyuma yaho wari waremeye ko yoshingurwa mu kibanza c’iteka gishingurwamwo intwari n’abiguze Zimbabwe.

Umushikiranganji w’ubutugane muri Zimbabwe, Ziyambi Ziyambi, yasiguye ko imyiteguro y’ikibanza c’iteka Mugabe yari guhambwamwo iyo umuryango utisubirako yari igeze kure.

Yagize ati" nta minsi yari iheze batubwiye ko baryohererewe ko yoshingurwa mu kibanza c’intwari, ariko ejo ku wa kane bitunguranye batumenyesheje ko bisubiyeko bashaka kumushingura mu karere ka Zvimba. Reta ntiyoba intambamyi.”

Umuryango wa Perezida Mugabe ntiwatanze insiguro y’icatumye bahindura iciyumviro. Gusa, agishengera habaye igisa n’uguhangana hagati ya Reta n’umuryango. Reta yasigura ko ivyiza yoruhukira aharuhukiye izindi ntwari kandi ko ivyo kumushingura bitega umuryango gusa kuko yafatwa nk’ “Intwari y’igihugu”. Umuryango nawo ukanana uvuga ko ubwiwe yashengeye yivugiye ko ashaka gushingurwa mu rugo rwiwe.

Ico gihe umuryango wumvikanisha kandi ko ugushingurwa vyoba mu kanywababu hagati y’abanyamuryango kuko nyakwigendera yari yaratomoye ko ata n’umwe mu bamuhiritse ku butegetsi mu 2017 yipfuza ko yomuherekeza ubwa nyuma. Ntibiramenyekana ko imihango yo kumushingura izoba muri ako kanywababu yari yarifuje.

Perezida Robert Mugabe yaramukijwe Zimbabwe mu kiringo c’imyaka 37 yitavye Imana ku myaka 95 igenekerezo rya gatandatu uku kwezi azize ingwara ya kanseri yari igeze ku rwego rwo hejuru. Yasandabiye mu bitaro vyo muri Singapoure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG