Uko wahagera

Ikibanza Robert Mugabe Azoshingurwamwo Ntikiramenyekana


Umupfasoni yari atwaye amashurwe aharuhukiye Mugabe muri Singapore imbere y'uko azitahuhanwa muri Zimbabwe
Umupfasoni yari atwaye amashurwe aharuhukiye Mugabe muri Singapore imbere y'uko azitahuhanwa muri Zimbabwe

Bamwe mu bagize umuryango w’uwahoze arongoye Zimbabwe, Robert Mugabe kumwe na zimwe mu ntumwa za Reta y’ico gihugu kuri uno wa mbere bagiye muri Singapoure gutahukana ikiziga ca nyakwigendera.

Bitegekanijwe ko ikiziga ca Perezida Robert Mugabe yashengeye ku wa gatanu ku myaka 95 gishikanwa ku murwa mukuru Harare ku munsi wa gatatu kigaheza kigashingurwana iteka ku wa gatandatu mu gatondo.

Ibimenyeshamakuru bikorera muri Zimbabwe bitangaza yamara ko hari ukutumvikana kw’aho Mugabe azoshingurwa. Mu gihe abiguze igihugu, intwari n’indongozi za Zimbabwe bashingurwa mu kibanza c’iteka cabagenewe, umuryango wiwe woba wavuze ko Mugabe imbere yo gushengera yatomoye ko yipfuza kuzopfubwa mu rugo rwiwe ruri mu karere ka Zvimba yatayemwo uruzogi.

Umwishwa wa Mugabe, Leo Mugabe, naho ata vyinshi yavuze kuvy'ikibanza yohambwamwo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru y'Abafaransa, AFP, ko ikiziga c’umuhisi ku wa gatatu kizorara mu karere ka Zvimba gaherereye ku bilometero hafi ijana uvuye ku murwa mukuru i Harare.

Ku wa kane no ku wa gatanu ikiziga ca nyakwigendera kizogarukanwa i Harare aho kizomara iminsi ibiri mu kibuga c’umupira w’amaguru citwa Rufaro kugira abanyagihugu bavyifuza baze kumwunamira ubwa nyuma.

Ni muri ico kibuga Perezida Robert Mugabe afatwa nk’uwarondeye intahe yo kwikukira ya Zimbabwe imbere yo kwagirizwa gutwaza igikenye, yimikiwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu 1980.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG