Uko wahagera

Robert Mugabe Aratahukanwa muri Zimbabwe kuwa Gatatu


Uwahoze ari perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe

Robert Mugabe yahoze ari perezida wa Zimbabwe bitegekanijwe ko apfubwa mu mpera z’iyi ndwi, inyuma y’aho ikiziga ciwe kizoba cavanwe muri Singapore aho yapfiriye ku musi wa gatanu, vyashikirijwe n’umuvugizi wa perezida ejo kuw’Imana.

Umuvugizi wa perezida, George Charamba yashikirije ko ikiziga ca Mugabe citezwe gutahukanwa muri Zimbabwe kuri uyu wa gatatu, akazoca apfubwa ku musi w’Imana.

Ariko ikibanza azohambwamwo ntikiramenyekana, mu gihe umuryango wa Mugabe na reta ya perezida Emmerson Mnangagwa batarumvikana nimba yopfubwa mw’itongo ryiwe mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Harare canke ku cibutso c’ababohoje igihugu kiri ku murwa mukuru.

Mnangagwa yategetse ku musi wa gatanu ko Mugabe agandarirwa, ariko ntiyatomoye igihe ico kigandaro comara.

Mugabe yapfuye afise imyaka 95, kandi yatwaye Zimbabwe imyaka 37.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG