Uko wahagera

Zimbabwe n'Umuryango wa Mugabe mu Matatati y'Aho Azoshingurwa


Umuryango wa Perezida Robert Mugabe yahoze arongoye Zimbabwe uvuga ko wababajwe n’uko Reta y’ico gihugu iriko iragerageza kubahatira aho boshingura uwabo.

Ukutumvikana kw’ikibanza Mugabe yoshingurwamwo kwavugirwa mu ntamatama kugiye ahabona inyuma yaho ikiziga ciwe gitahukanywe ejo ku wa gatatu kivanywe muri Singapoure.

Umwe mu bishwa biwe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ko Reta yabishaka canke itabishaka Mugabe ategerezwa gushingurwa mu karere ka Zvimba gaherereye ku bilometero bigera ku ijana uvuye ku murwa mukuru Harare.

Yagize ati: “ Azoshingurwa ku wa mbere canke ku wa kabiri mu kanywababu k’umuryango. Ni ingingo ntasubirwako.”

Mu rwandiko umuryango wa nyakwigendera wahaye itangazamakuru rikorera muri Zimbabwe wasiguye ko imbere yo gushengera Robert Mugabe yari yarisabiye ko yoshingurwa iyo yataye uruzogi. Ni mu gihe Reta isigura ko yari akwiye gushingurwa mu kibanza cagenewe abiguze Zimbabwe n’intwari z’ico gihugu.

Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa naho biri uko yavuze ko igihugu cari kimaze gutegekanya ko yoshingurwa ku wa Mungu muri ico kibanza c’iteka, umuryango wiwe ari we uzofata ingingo ya nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG