Uko wahagera

Ikiziga ca Robert Mugabe Kiritezwe uno Munsi muri Zimbabwe


Ikiziga c'uwahoze atwara zimbabwe kiriko kivanwa mu bitaro yitabiyemwo Imana

Ikiziga ca Perezida Robert Mugabe yayoboye Zimbabwe imyaka 37 kuri uno wa gatatu cavanywe muri Singapore aho yashengereye gitahukanwa mu gihugu ciwe.

Vyitezwe ko azoshingugwana iteka ku musi wa Mungu naho aho azoshingurwa hagiteye impari. Igihugu cipfuza kumushingura mu kibanza gishingurwamwo intwari n’abitangiye Zimbabwe, mu gihe umuryango wiwe uvuga ko yoshingurwa aho yataye uruzogi mu karere kitwa Zvimba nkuko yavyisabiye imbere yo kwitaba Imana.

Amakuru ava muri Zimbabwe avuga ko Mugabe yoba yaranasavye ko abamuhiritse ku butegetsi mu 2017 batofata iya mbere mu mihango yo kumuherekeza.

Ejo ku wa kane no ku wa gatanu vyitezwe ko abanyagihugu bavyipfuza bamwunamira mu kibuga c’umupira w’amaguru citwa Rufaro, ku wa gatandatu naho agasezerwa n’abanyacubahiro batari bake.

Abamaze kumenyekana ko bazomuherekeza barimwo Perezida wa Afurika y’Epfo Cyril Ramaphosa, uwa Nijeriya Mohammadu Buhari, uwa Kongo Félix Tshisekedi, uw’ Ubushinwa Xi Jinping n’uwahoze aramutswa CubaRaul Castro.

Perezida Robert Mugabe yashengeye ku munsi wa gatanu ku myaka 95 azize ingwaramu bitaro biteye imbere vyo muri Singapoure yakunze kwivurizamwo akiri no ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG