Uko wahagera

Umuryango wa Mugabe Wemeye ko Ashingurwa Aho Reta Ishaka


Ikiziga ca nyakwigendera Robert Mugabe

Umuryango wa Perezida Robert Mugabe yahoze arongoye Zimbabwe wahevye uremera ko yoshingurwa mu kibanza c’iteka gishingurwamwo intwari n’abiguze ico gihugu.

Ikibanza Mugabe yarongoye Zimbabwe mu kiringo c’imyaka 37 yoshingurwamwo cari kimaze iminsi gitera impari hagati ya Reta n’abaryango biwe.

Reta yavuga ko yoshingurwa ahashingurwa intwari n'abiguze Zimbabwe mu gihe umuryango wiwe wanana uvuga ko imbere y’ugushengera yari yarisabiye ko yoshingurwa iyo yataye uruzogi.

Ayo makuru yemejwe n’umwishwa wiwe, Leo Mugabe yabibwiye itangazamakuru. Gusa, ntiyatomoye ko kumushingura bizoba mu kanywababu hagati y’abaryango nkuko umuryango wari wabivuze canke ari umuhango uzoba wugururiwe bose.

Ikindi kitarashobora gutomoka ni ukumenya umunsi Mugabe azoshingurirwako. Reta yari yavuze ko azoshingurwa ku wa Mungu ariko abaryango bayivuguruza bavuga ko bipfuza ko yoshingurwa ku wa mbere canke ku wa kabiri.

Ico bikoze, ejo ku wa gatandatu azokwunamirwa ubwa nyuma na bamwe mu bategetsi ba Afurika n’ibindi bihugu mu kibuga c’umupira w’amaguru citwa Rufaro.

Reta ya Zimbabwe ntaco iravuga kuri uku kwumvikana kubaye hagati yayo n’umuryango wa Mugabe. Ejo Perezida Emmerson Mnangagwa yari yavuze ko bazoshira aho umuryango ushize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG