Uko wahagera

Sudani: Bamwe Basaba Perezida Gukinjura Abandi Kuhaguma


Abashigikiye Perezida wa Sudani mu myiyerekano yo kumusaba kudakinjura
Abashigikiye Perezida wa Sudani mu myiyerekano yo kumusaba kudakinjura

Perezida wa Sudani Omar al-Bashir kuri uno wa mbere yitavye ikoraniro ry’abanyagihugu bamushigikiye mu ntara ya Darfur.

Iryo koraniro ryitabiriwe n’isinzi ry’abanyagihugu ryatunganijwe inyuma y’umunsi umwe imyiyerekano y’abamwiyamiriza itandukiriye iyo ntara iri mu zasinzikajwe n’intambara.

Amasanamu kuri televiziyo yerekanye abashigikiye Perezida Bashir baririmba amajambo amusaba kuguma ku butegetsi igihe yashika I Niyala, ku murwa mukuru wa Darfur.

Ejo ku wa Mungu igisagara ca Niyala ciriwe kivugwamwo iyindi myiyerekano y’abasaba Perezida Omar al-Bashir gutanga ubutegetsi.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Omar al- Bashir bumaze imyaka irenga 30 igiye kumara ukwezi yatanguye igamije kwiyamiriza iduzwa ry'ibiciro vy'igitoro n'ibindi vya nkenerwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG