Uko wahagera

Sudani: Abashingamateka Bashigikiye ko Bashir Yongerwa Manda


Perezida wa Sudani Omar Hassan al-Bashir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, inyuma y'irahira ry'umushikiranganji wa mbere hamwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Bakri Hassan Saleh i Khartoum, Sudani, Itariki 02/03/2017.
Perezida wa Sudani Omar Hassan al-Bashir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, inyuma y'irahira ry'umushikiranganji wa mbere hamwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Bakri Hassan Saleh i Khartoum, Sudani, Itariki 02/03/2017.

Abashingamateka batari bake muri Sudani ejo kuwa kabiri barashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro kugira umukuru w’ico gihugu, Omar al-Bashir ashobore kwongerwa izindi manda.

Ibwirizwa shingiro ridahinduwe, Bashir, ari ku butegetsi kuva mu 1989, ntiyemerewe kandi kuzokwitoza mu gihe ikiringo arimwo corangira muri 2020.

Umukuru w’inama nshingamateka ya Sudani, Ibrahim Ahmed Omar yavuze ko yaronse urwandiko rwateweko imikono na benshi mu bashingamateka bashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa hakongerezwa ibiringo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Sudani, Le parti du Congres National watangaje mu ntango z’uyu mwaka ko wagenye Bashir kuzowuserukira mu matora yo muri 2020.

Bashir, umuyisilamu kandi yahoze ari umusirikare, yafashe ubutegetsi akoze coup d’etat. Yatsinze amatora yo mu 2010 n’2015 inyuma y’aho ibwirizwa shingiro rihinduriwe inyuma y’amasezerano y’amahoro yagiranye n’abamurwanya mu bumanuko bw’igihugu, baciye bishingira reta yabo ari yo Sudani y’ubumanuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG