Uko wahagera

Sudani: Umukuru w'Ibiro Bikuru vya Gisirikare Yabogojwe


Perezida wa Sudani, Omar al-Bashir yakira mugenzi we wa Sudani y'epfo Salva Kiir Mayardit i Khartoum ku kibuga c'indege, Sudani, Itariki 01/11/2017.
Perezida wa Sudani, Omar al-Bashir yakira mugenzi we wa Sudani y'epfo Salva Kiir Mayardit i Khartoum ku kibuga c'indege, Sudani, Itariki 01/11/2017.

Prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir yirukanye mu mabanga yiwe umukuru w’igisirikare c’igihugu, Liyetena Jenerali Emadeddin Adawi. Ayo makuru yatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta, SUNA. Emadeddin Adawi yasubiriwe na Liyetena Jenerali Kamal Abdul Maaruf, yari umugenzuzi mukuru w’igisirikare imbere y'aho.

Nta mpamvu yatanzwe ku vyerekeye iyo ngingo, yafashwe indwi zibiri gusa inyuma y'uko Prezida Bashir ahinduye umukuru w’iperereza mu gihugu, Mohammad Atta.

Atta yasubiriwe na Salah Abdallah Mohammed Salih, yahoze ayoboye urwego rukomeye rw’igihugu rujejwe iperereza n’umutekano.

Emadeddin Adawi yari umukuru w’igisirikare c’igihugu kuva mu kwezi kwa kabiri, mu mwaka w’i 2016. Ico gihe yari yasubiriye uwundi musirikare mukuru, Mustafa Obeid Salim, mu gihe igisirikare cariko kirwanya abarwanya ubutegetsi mu karere ka Jabel Marra, mu burengero bw’intara ya Darfur.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG