Uko wahagera

Sudani: Abanyagihugu Basaba Prezida Bashir Kuva K'ubutegetsi


Prezida Omar al-Bashir wa Sudani
Prezida Omar al-Bashir wa Sudani

Abimukira baba hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika baturuka muri Sudani barakoze imyiyerekano imbere y’inyubakwa y’uwuserukira Sudani hano I Washington, aho ivyivugo vyabo vyavuga k’urugamba gw’abanyagihugu ba Sudani, hamwe n’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Prezida Omar al-Bashir wa Sudani.

Ni mu gihe Reta ya Sudani yaheruka kugabanya igiciro c’igitoro na gaz, ic’iduza igiciro c’umuyagankuba kugira itore umuti w’amafaranga abandanya guta agaciro aho muri Sudani. Muri kino gihe, abanyagihugu batari bake bakaba badashobora kuronka ivya nkenerwa m’ubuzima.

Duha Elmardi, aharanira agateka ka zina muntu amenyesha ko yifatikanije n’abanyesudani, agasaba ko haba ihinduka muri politike ya Sudani. Kur’uyu w’Imana, abanyagihugu bakaba barakoze imyiyerekano ya mbere mu kudasohoka mu mabarabara.

Ama karitiye atari make yo k’umugwa mukuru wa Sudani, i Kartoum, n’ibindi bisagara bikaba vyarangwa n’agacerere. Kuva kur’uyu w’Imana, abanyagihugu bashika kuri mirongo ibiri mubakoresha iyo myiyerekano batawe mu mvuto, nayo ibinyamakuru bibiri na televiziyo imwe muzisanzwe zikorera I Khartoum bikaba vyarugawe.

Tubibutse ko Prezida Bashir wa Sudani amaze imyaka mirongo ibiri n'indwi k’ubutegetsi, akaba asanzwe akurikiranwa na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha kubera ivyaha yagigwa vy’ihonyabwoko no guhohotera agateka ka zina muntu mu karere la Darfour, muri Sudani.

XS
SM
MD
LG