Uko wahagera

Perezida Bashir muri Manda ya Gatatu?


Perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashitse aho yakira perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir ku kibuga c'igende mpuzamakungu c'i Khartoum airport, Sudani, itariki 1/11/2017.
Perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashitse aho yakira perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir ku kibuga c'igende mpuzamakungu c'i Khartoum airport, Sudani, itariki 1/11/2017.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Sudani watangaje kuri uyu wa gatanu ko wahisemwo Perezida Omar al-Bashir guharanira manda ya gatatu mu matora yo muri 2020, naho ibwirizwa shingiro ryemera ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu.

Umugambwe “The National Congress Party's (NCP)” uvuga ko wahisemwo Bashir, w’imyaka 74, nk’umukandida inyuma y’inama yabaye mw’ijoro ryo kuwa kane rishira uwa gatanu, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru SUNA ry’ico gihugu.

Ivyo ni mugihe ryaba ibwirizwa shingiro hamwe n’amategeko agenga umugamwe NCP, vyose bivuga ko perezida atarenza ibiringo bibiri, ibizotuma izo nyandiko zose zibiri ari ngombwa ko zizohinyanyurwa mu gihe Bashir yokwemera iyo ngingo y'umugambwe wiwe yo kwitoza.

Bashir ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1989 atembagaje ubutegetsi ku nguvu za gisirikare.

Bashir asanzwe akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuvyaha vyo mu ntambara n’ihonyabwoko vyabereye mu ntambara yo mu ntara ya Darfur.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG