Uko wahagera

Muri Sudani Abaganga Bagabisha Guhagarika Imirimo


Ibitaro muri Sudani muri Komine Maban, mu buraruko bushira uburengero bwa Sudani, italiki 24/07/2018.
Ibitaro muri Sudani muri Komine Maban, mu buraruko bushira uburengero bwa Sudani, italiki 24/07/2018.

Urunani rw’amashirahamwe y’abakozi muri Sudani bashikiriza ko bategekanya guhagarika ibikorwa vya reta, ku ca mbere bise imyiyerekano itagira iherezo izoba ikozwe n’abakozi.

Abaganga hamwe n’abandi bakozi bo mu bitaro bategekanya guhagarika akazi kuri uyu wa mbere, bakavuga ko bazokwakira gusa abasinzikaye cane.

Urwo runani rusaba abanyesudani bose kuzoguma mu mabarabara bahanganye na reta ya Bashir, inyuma y’aho mu ndwi iheze hagaragaye ubukene bw’imfungurwa, ibitoro hamwe n’iduzwa ry’ibiciro vy’umukate.

Abantu bamaze gupfa kuva iyo myiyerekano itanguye ku musi wa gatatu bavuye ku munani bashika kuri 22.

Abategetsi ba reta bavuga ko abiyerekana ari abononyi hamwe n’abagumutsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG