Uko wahagera

Sudani: 3 Bakomerekeye mu Myiyerekano yo Kwiyamiriza Perezida


Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza bwa Sudani
Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza bwa Sudani

Abanyagihugu batatu bo muri Sudani ni bo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mu myiyerekano yo gusaba Perezida Omar al- Bashir kuva ku butegetsi.

Abavyiboneye bavuga ko bakomerekejwe n'amasasu polisi yabamiragijemwo igerageza kubasanzaza mu kubabuza kwinjira mu kirimba c'umukuru w'igihugu.

Umwe mu babibonye yabwiye itororokanirizo ry'amakuru y'Abongereza, Reuters, ko mu barashwe hari uwarashwe mu mutwe, kandi hanakoreshejwe ivyuka bikoroza amosozi mu kubashwiragiza.

Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Omar al- Bashir bumaze imyaka irenga 30 yatanguye mu ndwi iheze igamije kwiyamiriza iduzwa ry'ibiciro vy'igitoro n'ibindi vya nkenerwa.

Ntaco igipolisi ca Sudani kiratangaza kuri ayo makuru. Yamara ejo ku wa kabiri abategetsi muri ico gihugu bavuze ko abajejwe gukingira umutekano bitwaye neza, mu kuburizamwo iyo myiyerekano ata nguvu zakoreshejwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryemeza ko kuva iyo myiyerekano itangura abanyagihugu 37 ari bo bamaze kuyisigamwo ubuzima. Reta ku ruhande rwayo yemeza 12 gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG