Uko wahagera

ONU Isaba Amatohoza ku Bwicanyi mu Myiyerekano muri Sudani


Abakora imyiyerekano baririmba indirimbo igihe bari mu myiyerekano yiyamiriza reta i Khartoum, Sudani, italiki 25/12/2018.
Abakora imyiyerekano baririmba indirimbo igihe bari mu myiyerekano yiyamiriza reta i Khartoum, Sudani, italiki 25/12/2018.

Umukuru w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir ejo ku munsi w’Imana yabwiye abapolisi kureka gukoresha inguvu z’umurengera mu kuburizamwo imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi, mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba amatohoza ku bwicanyi bwabaye muri iyo myiyerekano.

Abantu bashika kuri 19 barishwe kuva kw’igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri mu myiyerekano yabaye inyuma y’ingingo ya reta yo kuduza ibiciro vy’umukate, nkuko reta ibishikiriza.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International ryo rivuga ko abapfuye baharurwa muri 37.

Ku musi w’Imana, Bashir yabonanye n’abategetsi bakuru mu gipolisi i Khartoum abategeka guhagarika gukoresha inguvu z’umurengera ku banyagihugu bari mu myiyerekano.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yasavye abategetsi ba Sudani gutohoza neza ku bwicanyi hamwe n’ubundi bubisha bwabaye muri iyo myiyerekano, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wa ONU ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG