Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Yagize Umwere Laurent Gbagbo


Sentare Mpuzamakungu Yagize Umwere Laurent Gbagbo
Sentare Mpuzamakungu Yagize Umwere Laurent Gbagbo

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yambitse izera Laurent Gbagbo yahoze ari perezida w’igihugu wa Cote d’Ivoire ku vyaha vyo mu ngwano yagirizwa bijanye n’ubwicanyi bwakwirikiye amatora yamuvanye ku butegetsi mu mwaka w’i 2011.

Ingingo yeza Gbagbo yega kandi Charles Blé Goudé bari bafunganywe. Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji ajejwe urwaruka muri Reta ya Gbagbo.

Abacamanza ba CPI basiguye ko basanze abashikirizamanza batashoboye kwerekana ivyemezo ntahinyuzwa vy'uko Gbagbo na Blé Goudé boba baragize uruhara mu gutegura no gukokeza abakoze ubwicanye bwahitanye abarenga 3.000 mu mpera z’umwaka w’i 2010 no mu ntango z’umwaka w’i 2011 muri Cote d’Ivoire, bitewe nuko Gbagbo yanse kwemera ko yatsinzwe na Alassane Ouattara mu matora.

Umucamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Cuno Tarfusser yari yategetse ko Laurent Gbagbo na Blé Goudé barekurwa ingingo igitangazwa, ahava avuga ko borekurwa kuri uno wa gatatu kugira ahe akanya abashikirizamanza ko kwiyumvira nimba bokunguruza canke boshira aho CPI yashize.

Laurent Gbagbo yagiye ku butegetsi mu mwaka mu 2000 abuvako mu 2011 bigoranye kuko yari yanse ko yatsinzwe na Alassane Ouattara. Yagondojwe n'inteko za ONU zamuhagaritse zimusanze ku kirimba ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG