Uko wahagera

Simone Gbagbo Yejejwe ku Vyaha Vy'Agahomerabunwa


Sentare mu gihugu ca Kote d’Ivuware yasanze Simone Gbagbo umupfasoni wa Laurent Gbagbo yahoze ari umukuru w’igihugu, atagirwa ny’ivyaha vy’agahomerabunwa bivurwa ko vyakozwe mu bwicanyi n’uruhagarara vyabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2011.

Simone Gbagbo yagirijwe ko yayoboye umurwi wihoye ku batavuga rumwe na Reta n’umugabo wiwe, harimwo guha uwo murwi ibirwanisho n’indege za kajugujugu z’ingwano.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch n’amashirahamwe aharanira agateka k’abageramiwe ico gihe muri Kote d’Ivuware amenyesha ko adashimishijwe n’ingingo ya sentare, avuga ko izotuma ibibazo bitari bike ku ruhara rwa Simone Bagbo mu bwicanyi bwabaye bitaronka inyishu.

Abashikirizamanza bafise imisi mirongo itandatu kugira bunguruze urubanza.Simone Gbagbo ariko yishura n’umunyororo w’imyaka 20 ku vyaha vy’imbere yaho vy’ukugeramira Reta.

Umugabo wiwe, Laurent Gbagbo ariko acirwa urubanza i La Haye ku vyaha vy’agahomerabunwa yagirizwa ko yakoze muri Kote d’Ivuware.

Kote d’Ivuware yaranzwe n’uruhagarara n’ubwicanyi mu mwaka w’i 2011 igihe Laurent Gbagbo yanka kuva ku butegetsi, inyuma yuko atsinzwe na Alassane Ouattara mu matora y’umukuru w’igihugu. Abantu bagera ku bihumbi bitatu barishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG