Uko wahagera

Ubutungane Buzotangura Gushingira Urubanza, Laurent Gbagbo


Ubutungane Buzotangura Gushingira Urubanza, Laurent Gbagbo
Ubutungane Buzotangura Gushingira Urubanza, Laurent Gbagbo

Prezida yavuye mu matora w’igihugu ca Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara yavuze ko azosaba umushikiranganji ajejwe ubutungane gutangura gushingira urubanza uwahoze ari prezida Laurent Gbagbo yafashwe.

Prezida yavuye mu matora w’igihugu ca Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara yavuze ko azosaba umushikiranganji ajejwe ubutungane gutangura gushingira urubanza uwahoze ari prezida Laurent Gbagbo yafashwe. Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kuri televiziyo mw’ijoro ry’ejo ku musi wa mbere, Ouattara yatangaje ko iki ari igihe gishasha c’umwizero kuri Cote d’Ivoire. Yasavye abanyagihugu kuguma batekanye kugira amahoro ashobore kugaruka mu gihugu ca Cote d’Ivoire. Ouattara yavuze ko ako ari akaryo k’ugusubira kwandika amateka mu bijanye n’ugurekuriranira.

Imbere yaho, Gbagbo yateye akamo k’uguhagaruika ingwano mu gihugu. Yareserutse mu kanya gatoyi kuri televiziyo ya Oauttara, TCI ejo ku musi wa mbere, amasaha makeyi inyuma yuko inteko zishigikiye Ouattara zimufahe mu kibanza kibamwo prezida mu gisagara ca Abidjan.

Inteko zishigikiye Ouattara n’inteko zidasanzwe z’igihugu c’Ubufransa zarinjiye mu kibanza Gbagbo yarimwo inyuma y’ibitero vyagizwe n’indege za kajugujugu z’Ubufransa n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U. Gbagbo yinyegeje mu nyubakwa yiwe n’umugwi w’abagwanyi bamushigikiye.

Gbagbo yaranse mu kiringo c’amezi gushikiriza ubutegetsi Ouattara, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze akaba yemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Gbagbo n’umutambukanyi wiwe, Simone muri iki gihe bapfungiwe ku cicaro ca Alassane Ouattara. Umutegetsi mukuru w’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe O-N-U, Alain Le Roy yavuze ko Gbagbo yasavye gukingigwa n’ishirahamwe O-N-U, akaba yarumviwe.

XS
SM
MD
LG