Umushingantahe Laurent Gbagbo, yahora atwara igihugu ca Cote d’ Ivoire, aheruka gufatwa arikumwe n’ umutambukanyi wiwe Simone. Umushingantahe Gbagbo yafashwe yaramaze amezi ane yaranse kwemera ko yatsinzwe mu matora y’ umukuru w’ igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze, amatora amakungu yemeza ko ari Alassane Ouattara yayatsinze. Inteko za Alassane Ouattara zafashe umushingantahe Gbagbo zibifashijwemwo n’ inteko z’ ishirahamwe ONU n’ abasirikare b’ abafaransa. Abantu benshi bakaba batavuga rumwe ku ruhara izo nteko mpuzamakungu zagize mu gikogwa co gukura Laurent Gbagbo ku butegetsi. Twaraganiriye n’ umushingantahe Hilaire Ntiganzwa, Umurundi aba muri Amerika, yatubariye ico yiyumvira kw’ ifatwa rya Laurent Gbagbo n’ uruhara inteko mpuzamakungu zagize mu gikogwa co kumufata.
Umushingantahe Laurent Gbagbo, yahora atwara igihugu ca Cote d’ Ivoire, aheruka gufatwa arikumwe n’ umutambukanyi wiwe Simone