Uko wahagera

Ibikorwa vy'Abagira Neza Birabangamiwe muri Sudani y'Ubumanuko


Ifoto y'umwana ariko araba ahatangirwa infashanyo za OXFAM muri Sudani y'ubumanuko
Ifoto y'umwana ariko araba ahatangirwa infashanyo za OXFAM muri Sudani y'ubumanuko

Ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko biriko biratuma imfashanyo y’ibifungurwa idashikira intara zihanzwe n’inzara, nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ikigega c’ibifungurwa PAM ribivuga.

Iryo shirahamwe rivuga ko ivyo vyerekana ko amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi guheze, atariko arubahirizwa. Ayo masezerano yari afise umugambi wo kurangiza ingwano yatanguye mu mwaka w’2013, yahitanye ubuzima bw’abanyagihugu bashika ibihumbi 400.

Ayo masezerano yavuga ko ingabo za perezida Salva Kiir hamwe n’imirwi irwanya reta bategerezwa gusangira ubutegetsi. Abahinga bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko batabona ukuntu ubwo butegetsi buzosangirwa.

Ingwano irabandanya mu ntara ya Western Bahr el Ghazal hamwe no mu ntara zo hagati mu gihugu, nk’uko ishirahamwe PAM ribivuga.

Igikorwa co gutanga ibifungurwa muri izo ntara, cari casubiye gutangura mu kwezi kw’icenda, inyuma y’amazi ane, abanyagihugu bari bamaze bataronka imfashanyo. Yamara umutekano muke muri iki gihe watumye ico gikorwa gihagarara, nk’uko PAM ribivuga.

Bitegekanijwe ko umukuru w’abarwanya ubutegetsi, Rick Machar, afata indege imukuye ku murwa mukuru wa Sudan Khartoum imutwaye I Juba mu birori vyo guhimbaza amahoro, vyatunganijwe na Prezida Kiir. Bitegekanijwe kandi ko prezida wa Sudani, uwa Uganda, n’uwa Kenya bitaba ivyo birori.

Yamara gushika ubu, ntibiramenyekana ko Machar azoja muri ivyo birori. Ku musi wa gatanu, umuvugizi wiwe yavuze ko barindiriye kuraba niba imbohe za politike hamwe n’izindi mbohe zipfungiwe ivyaha vyo mu ngwano zizorekurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG