Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Barasinye Amasezerano ya Nyuma


Perezida wa Sudani y'ubumanuko, Salva Kiir, iburyo, n'umukuru w'abarwanya reta, Riek Machar, bemeranya gusangira ubutegetsi i Khartoum, itariki 5/08/2018.
Perezida wa Sudani y'ubumanuko, Salva Kiir, iburyo, n'umukuru w'abarwanya reta, Riek Machar, bemeranya gusangira ubutegetsi i Khartoum, itariki 5/08/2018.

Abarwana muri Sudani y’ubumanuko barashize umukono ku co bise amasezerano ya nyuma y’amahoro arangiza intambara imaze guhitana abanyagihugu baharurwa mu bihumbi cumi, ikura mu ngo zabo abaharurwa mu ma miriyoni.

Ayo masezerano yatereweko imikono i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya ku musi wa gatatu, hari umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu vyo mur’ako karere. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru Juba bavuga ko batoshoka bemeza ko amahoro agiye kugaruka mu gihugu cabo.

Tut Kew, umuhanuzi wa Perezida Salva Kiir mubijanye n’umutekano yabwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane ko ayo masezerano arangije ubwicanyi muri Sudani y’ubumanuko.

Ariko ayo masezerano asize ibibazo bikomeye bitarumvikanwako, harimwo ibitigiri vy’amareta hamwe n’imbibe zayo, bikazokwigwa n’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vyo mur’ako karere, IGAD.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG