Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi muri Sudani y'Ubumanuko Banse Gusinya Amasezerano y'Amahoro


Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir asinya amasezerano ya nyuma yo kugabangana ubutegetsi, kw'itariki 5/08/2018, i Khartoum.
Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir asinya amasezerano ya nyuma yo kugabangana ubutegetsi, kw'itariki 5/08/2018, i Khartoum.

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko uyu musi ku wa kabiri banse gutera igikumu ku masezerano na Reta; amasezerano yari gutuma ingwano imaze imyaka n’imyaka irangira. Iyo ngingo irasubije inyuma intambwe zikomeye zari zimaze imisi zikorwa.

Perezida Salva Kiir hamwe n’umukuru w’umurwi urwanya ubutegetsi, Riek Mashar, barateye igikumu ku masezerano yo kurangiza ingwano mu ntango z’uku kwezi.

Yamara Machar hamwe n’uwundi murwi urwanya ubutegetsi yaranse gutera igikumu ku nteguro ya nyuma y’ayo masezerano, ngo kuko impari zerekeye gusangira ubutegetsi hamwe n’ibwirizwa shingiro, bitashizwe mur’iyo nteguro y’amasezerano.

Itangazo ryasohowe n’abarwanya ubutegetsi rivuga ko bibabaje kubona abahuza bataserukiye impande zose, bagahitamwo kutitaho ivyo bibazo. Abarwanya ubutegetsi bavuze kandi kw’ivyo bizotuma inzira y’amahoro ihagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG