Uko wahagera

Machar Yemeye Gusinya Amasezerano ya Nyuma y'Amahoro

Uwurwanya reta, Riek Machar, ibubamfu, na perezida Salva Kiir basinya amasezerano yo guhagarika intambara no kugabangana ubutegetsi i Khartoum, muri Sudani, Itariki 05/08/2018.
Uwurwanya reta, Riek Machar, ibubamfu, na perezida Salva Kiir basinya amasezerano yo guhagarika intambara no kugabangana ubutegetsi i Khartoum, muri Sudani, Itariki 05/08/2018.

Uwurwanya ubutegetsi bwa Sudani y’ubumanuko Riek Machar yemeye gusinya amasezerano ya nyuma y’amahoro na reta mu ntumbero yo kurangiza intambara. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri ahakaniye kwemeza ayo masezerano, nkuko vyashikirijwe n’umuhuza wo mur’ico gihugu.

Machar na Perezida Salva Kiir bamaze indwi zitari nke mu biganiro vy’amahoro i Khartoum barondera kwumvikana ku mahoro azorangiza intambara, imaze kwica ibihumbi n’ibihumbi, itesha izabo abaharurwa mu miriyoni kuva mu mwaka w’ 2013.

Impande zirwana zari zarumvikanye amasezerano atari make, harimwo no guhagarika intambara burundu hamwe no kugabangana ubutegetsi mu kwemerera Machar gusubira mu kibanza ciwe c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG