Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Riek Machar Yoba Agiye Gusubizwa mu Mwanya Wiwe?


Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Sudani y'epfo Riek Machar, ibubamfu, aramutsa Perezida Salva Kiir.
Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Sudani y'epfo Riek Machar, ibubamfu, aramutsa Perezida Salva Kiir.

Reta ya Sudani y’Epfo hamwe n’umuhari ukomeye uyirwanya bateye imikono ku masezerano y'ibanze yo kugabanganya ubutegetsi, agamije kurangiza intambara hagati y’abasangiye igihugu.

Ariko, urunani rw’imigambwe icenda itavugarumwe n’ubutegetsi yaranse gusinya kuri ayo masezerano, bavuga ko ivyipfuzo vyabo bitashizwemwo.

Muvyo bemeranije Perezida Salva Kiir azobandanya arongoye reta mfatakibanza, nawe uwusanzwe amurwanya, Riek Machar asubizwe mu kibanza yahoramwo c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Ayo masezerano kandi ategekanya gushiraho inama nshingamateka y’imfatakibanza izoba igizwe n’abashingamateka 550, hashirweho ibindi vyegera vy’umukuru w’igihugu bine, umwe muri bo azoba ari umugore.

Ayo masezerano yateweko imikono ejo ku musi wa gatatu, ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum aje akurikira ayasinywe mu mwaka w’2015 hagati ya reta hamwe n’umuhari urongowe na Machar, ariko inyuma y’umwaka ntiyabaye acubahirizwa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG