Uko wahagera

Babiri mu Barwanya Reta ya Sudani y'Epfo Baronkejwe Ibibanza


Perezida Salva Kiir, Omar Al-Bashir na Riek Machar

Abategetsi ku mpande zibiri zimaze igihe zitana mu mitwe muri Sudani y’epfo baraye bapfunditse amasezerano y’amahoro asubiza Riek Machar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu mu mabanga yiwe.

Ayo masezerano yari ahagarikiwe na perezida w’Ubuganda Yoweri Museveni, mugenzi we wa Sudani Omar al-Bashir ashiraho ivyegera bine vy'umukuru w'igihugu.

Babiri muri ivyo vyegera ni abari bahasanzwe. Abongeweko ni Riek Machar agiye kuba icegera ca mbere co kimwe n'umukenyezi ari mu barwanya Reta.

Amasezerano yo guhagarika intambara muri Sudani y'Epfo yatanguye kwiyumvirwa mu 2013 bivuye ku kutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir na Reik Machar yari mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu ico gihe.

Gusa ayo masezerano yagiye araba imfagusa akatari gake; mu 2015 hari ayashizweko umukono aza kurengwako inyuma y'umwaka umwe gusa.

Intambara muri Sudani y’epfo imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi yongera itesha ingo abandi imiriyoni zine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG