Uko wahagera

Kiir na Machar Bashobora Gusinya Amasezerano kuri Uyu wa Gatatu


Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir, hagati, ashitse mu gihugu ciwe avuye mu biganiro i Addis Ababa, ku kibuga c'indege c'i Juba, Sudani y'epfo, itariki 22/06/2018.
Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir, hagati, ashitse mu gihugu ciwe avuye mu biganiro i Addis Ababa, ku kibuga c'indege c'i Juba, Sudani y'epfo, itariki 22/06/2018.

Perezida wa Sudani y’epfo, Salva Kiir n’umukeba wiwe, Riek Machar barumvikanye ku ngingo zimwe zimwe mu biganiro vy’amahoro i Khartoum muri Sudani kandi amasezerano arashobora guterwako imikono. Ivyo vyashikirijwe n’abategetsi ba Sudani ku musi wa kabiri.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Sudani, Al-Dierdiry Ahmed yavuze ko ayo masezerano ashobora guterwako imikono kuri uyu wa gatatu ku kirimba ca Perezida wa Sudani, ariko ntiyavuze ibiri mur’ayo masezerano.

Riek Machar yavuze ko bakeneye amasaha 48 yo kwihweza neza ibiri mur’ayo masezerano, kuvugana n’urunani rw’abatavuga rumwe na reta baserukiye, ndetse n’abarwanyi babo bari ku rubuga. Avuka ko gusinya iyo nteguro y’amasezerano bivana n’uko ibiganiro bibandanya.

Inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bahagurukiye bagasaba ko intambara mur’ico gihugu ikwiye guhagarara, ibindi biganiro bishasha hagati ya Kiir na Machar vyaciye bitangura ku musi wa mbere i Khartoum birongowe na Perezida wa Sudani Omar al-Bashir.

Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG