Ibihugu vya Afrika biri mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano vyarashimye ku musi wa kane isinywa ry’amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Perezida wa Sudani yo mu bumanuko n’uwahoze ari icegera ca Perezida, ariko bafise impungenge ko ayo masezerano atazorama nkuko vyabaye ku yandi yasinywe imbere y'ayo.
Perezida Salva Kiir hamwe n’uwo batavuga rumwe yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Riek Machar, barasinye integuro y’amasezerano ku musi wa kabiri i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani.
Abagize inama ya ONU y’umutekano bavuga ko ari intambuko ikomeye mugihe iyo ntambara irengeje imyaka ine imaze guhitana ibihumbi vy’abantu, abandi barenga imiliyoni zine bahunga ingo zabo canke bagirwa impunzi.
Facebook Forum