Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Bahavuye Bose Barasinya Amasezerano y'Amahoro


Abarwanya ubutegetsi muri Sudani y'ubumanuko aho bakoranirijwe mu kambi ya gisirikare ku murwa mukuru Juba, itariki 7/04/2016.
Abarwanya ubutegetsi muri Sudani y'ubumanuko aho bakoranirijwe mu kambi ya gisirikare ku murwa mukuru Juba, itariki 7/04/2016.

Riek Machar arwanya ubutegetsi muri Sudani y’epfo hamwe n’abandi bakuru bahurikiye mu runani rw’abarwanya ubutegetsi barasinye amasezerano ya nyuma y’amahoro agamije kurangiza burundu intambara igira ikwize imyaka itanu hagati y’abanyagihugu.

Machar yasinye ayo masezerano mw’ijoro ryo ku musi wa kane ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, inyuma yo kwanka kuyasinya imisi ibiri imbere y’aho.

Ayo masezerano ariko asize inyuma ibibazo bitarumvikanywako nk’ibitigiri vy’amareta ya Sudani y'ubumanuko izogaburwamwo hamwe n’imbibe zayo, bikazokwigwa n’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, IGAD.

Abakuru b’ibihugu vyo mur’ako karere, amakungu, hamwe n’abanyesudani y'epfo bizigiye ko ayo masezerano agiye kurangiza burundu intambara imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu, ikura mu ngo zabo abanyagihugu barenga imiliyoni zine, nayo abashika imiliyoni zine bahunze igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG