Uko wahagera

FORSC: Ukutihanganirana mu vya Politike mu Burundi Vyabaye Ndanse


Bamwe mu rwaruka rw'Imbonerakure,rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD bariko bagerageza kuburizamwo imyiyerekano y'abatari bashingikiye iyindi manda ya Perezida Nkurunziza mu 2015.
Bamwe mu rwaruka rw'Imbonerakure,rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD bariko bagerageza kuburizamwo imyiyerekano y'abatari bashingikiye iyindi manda ya Perezida Nkurunziza mu 2015.

Urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC rwemeza ko ukutihanganirana hagati y’abanyepolitike badasangiye ivyiyumviro kwarenze ihaniro mu Burundi.

Urwo runani rurwiriyemwo amashirahamwe yahunze igihugu ruvuga ko mu kwezi kumwe gusa kwa 11, abantu hafi 60 bishwe, abandi barafungwa, imirima y’abatavuga rumwe na reta iratemagurwa.

Vital Nshimirimana aserukira urwo runani mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika yavuze ko icuka kiri mu gihugu gishobora kuzobangamira amatora asigaje amezi atanu gusa ngo atunganywe.

Amashirahamwe avuga ko aharanira agateka ka zina muntu ari mu gihugu yo asanga ata nzu iriko irasha. Gerard Hakizimana arongoye ishirahamwe FOLUCON-F rirwanya ikimenyane na ka mwana wa mama yemeza ko amatora ariko ategurwa neza.

Urunani FORSC mu cegeranyo carwo rusigura kandi ko rufatiye ku matohoza rwakoze rwasanze ico cuka kibi giterwa n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Abandi bemeza ko ukwihanganira mu ba nyepolitike batavuga rumwe na Reta ni bamwe mu bashingamteka b'Uburundi. Mu ntango z’ino ndwi, inama nshingamateka yahamagaye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo imusaba kwisigura kuri ukwo kutihanganirana bamwe mu bashingamateka bemeza ko kwarenze ihaniro.

Gaston Sindimwo yishuye ko uruhara runini rufise abatware bo hasi badahagarika iyo ngendo. Hagati aho, umunyepolitike Anicet Niyonkuru atwara umugambwe CDP aherutse guhunguka na we yavuze ko abatavuga rumwe na reta mu gihugu ata jambo bagifise yongera ashimangira ko n’icuka ca politike atari ciza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Ikibazo c'Ukutihanganirana mu vya Politike mu Burundi Gikomeje Gukwega Impari
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG