Uko wahagera

ONU Iranegura Inyifato y'Imbonerakure


Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein
Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein

Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein aranegura amajambo ataroranye yashikirijwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi mu Burundi ruhamagarira gufata kunguvu abakenyezi bari mubo batavugarumwe.

Ivyo Zeid abishikirije yisunze amasanamu ya videwo yakwiragijwe kumbuga ngurukana bumenyi, yerekanye urwaruka ruharurwa mu majana rutera imvyino ruvuga ko ruzotera inda abatavugarumwe nabo kugira bazovyare Imbonerakur.

Iyo videwo yafatiwe muri komine Ntega, mu ntara ya Kirundo muntango z’uyu mwaka ntiyakiriwe neza n’umugambwe CNDD -FDD, uri k’ubutegetsi, umugambwe imbonerakure zegukira. CNDD FDD washikirijwe ko inyifato nk’iyo idahuye n’akarangamutime k’umugambwe kandi ko ababikoze bazobihanirwa.

Zeid ashikiriza ko imvyino nk’izo zanashikirijwe mu makoraniro atari make y’imbonerakure mu ntara za Makamba na Ruyigi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG