Umugwiza tunga akaba n'umunyepolitike muri Congo Moise Katumbi yigeze no kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka itatu yari amaze mu buhungiro.
Katumbi yakomeje kwumvikana avuga ko atotahuka ku ntwaro ya Prezida Prezida Joseph Kabila ku mvo z'umutekano wiwe. Agishika yagendeye igisagara ciwe c’amavukiro Lubumbashi, azanywe n’indege yiwe bwite, yambaye impuzu zera de.
Atahutse inyuma y'uko sentare imuciriye umunyororo w'imyaka itatu atari mu gihugu imwagiriza ubusuma bw'amazu. Ni ivyaha Katumbi yahakanye avuga ko atakindi bigamije atari imvo za politike. Yarigeze no kwagiriza reta ko yagerageje kumuha isumu, ariko reta ya Kongo yarahakanye ivyo birego.
Katumbi yarimwe uburenganzira bwo guhiganwa mu matora yo gusubirira Kabila mu mpera z’umwaka uheze.
Facebook Forum