Uko wahagera

Moise Katumbi Ararondera Iyindi Nzira Imushikana muri Kongo


Umunyaporitike atavugarumwe n'ubutegetsi muri RDC, Moïse Katumbi, agitanguza umugambwe i Johannesburg, itariki 12/03/2018.
Umunyaporitike atavugarumwe n'ubutegetsi muri RDC, Moïse Katumbi, agitanguza umugambwe i Johannesburg, itariki 12/03/2018.

Umunyeporitike atavugarumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo Moïse Katumbi ari mu buhungiro, uwo abategetsi ba Kongo bimye uburenganzira indege yiwe kurwa mu gisagara ca Lubumbashi, yashikirije ko ariko aragerageza kwinjira mu gihugu aciye ku mupaka, ku ruhande rw’igihugu kibanyi ca Zambiya, naho ashobora guca ahagarikwa.

Uwo ahanganye na Perezida Joseph Kabila yashikirije kuva ku musi wa mbere ko yipfuza gutahuka ava mu gisagara ca Johannesburg akoresheje indege yiwe bwite kugira ashikirize kandidatite yiwe mu matora imbere yuko itariki ntarengwa ya 8 z’ukwezi kwa munani irangira.

Umukuru w'igisagara ca Lubumbashi, Ghislain Robert Lubara, ku musi wa kane yavuze ko igisagara ca Lubumbashi gisanzwe kiri mu mahoro kandi atipfuza icoza gihungabanya umutekano. Yagabishije Katumbi ko mugihe yobirengako akaza ngo ashobora guca ahagarikwa.

Ku musi wa kane, abafasha ba Katumbi bari babonanye n’abategetsi ba ONU kugira bavugane umuzo wiwe, nkuko amakuru abivuga.

Ni mugihe Jean-Pierre Bemba yatahutse i Kinshasa kuwa gatatu inyuma y’imyaka icumi yari amaze mw’ibohero rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye mu Buholandi.

Ejo kuwa kane, Jean-Pierre Bemba yaratanze muri komisiyo y’igihugu y’amatora ivya ngombwa vyo kuba kandida mu matora y’umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG