Uko wahagera

Moise Katumbi Avuga ko Agiye Gutahuka muri RDC


Moïse Katumbi, atavuga rumwe n'ubutegetsi muri RDC.
Moïse Katumbi, atavuga rumwe n'ubutegetsi muri RDC.

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo Moise Katumbi yatangaje ejo kuwa mbere ko azotahuka mu gihugu c’amavukiro kw’itariki 20 z’ukwezi kwa gatanu imyuma y’imyaka 3 yar’amaze hanze y’igihugu. Avuga ko agiye gutanguza urugamba rwo kurwanya abashaka guhindura ibwirizwa shingiro.

Uwo yahoze ari buramatari w’intara ya Katanga yabwiye abamenyeshamakuru ko azotahuka kubana n’abanyagihugu biwe, kubahoza imibabaro batewe n’ubutegetsi.

Mu kwezi kwa kane, sentare yo muri Kongo yaciriye Katumbi umunyororo w’imyaka itatu kuvyaha vyo kunyuruza amafaranga, bituma aca asubira mu Bubirigi.

Yemeye ko azoguma mu ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ko atazoja muri reta ya perezida Felix Tshisekedi.

Katumbi yavuye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa gatanu mu 2016 aja kwivuza hanze, sentare y’i Lubumbashi imicira umunyororo w’imyaka itatu amaze ukwezi avuye mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG