Uko wahagera

Moise Katumbi Yankiwe Gutahuka muri RDC


Moise Katumbi
Moise Katumbi

Moise Katumbi, umunyeporitike ari mu mahanga, ariko ashaka gutahuka muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ngo yitoze mu matora y’umukuru w’igihugu, ntazemererwa kwinjira mu gihugu. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Ghislain Robert Lubara, umukuru w’igisagara ca Lubumbashi mu ntara ya Katanga.

Uwo yahoze ari buramatari w’intara ya Katanga, yabaye mu buhungiro mu Bubirigi kuva mu mwaka wa 2016, ukwezi kwa gatanu, yari yipfuza gushika mu gihugu ciwe n’indege yiwe kuri uyu wa gatanu.

Umukuru w'igisagara, Lubara avuga ko igisagara ca Lubumbashi gisanzwe kiri mu mahoro kandi atipfuza icoza gihungabanya umutekano. Mugihe yobirengako akaza ngo ashobora guca ahagarikwa.

Ku musi wa kane, abafasha ba Katumbi bari babonanye n’abategetsi ba ONU kugira bavugane umuzo wiwe, nkuko amakuru abivuga.

Ni mugihe Jean-Pierre Bemba yatahutse i Kinshasa ejo kuwa gatatu inyuma y’imyaka icumi yari amaze mw’ibohero rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye mu Buholandi.

Ejo kuwa kane, Jean-Pierre Bemba yaratanze muri komisiyo y’igihugu y’amatora ivya ngombwa vyo kuba kandida mu matora y’umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG