Perezida wa Zimbamwe, Emmerson Mnangagwa yasavye abanyagihugu kurengera amatati y'ukutumvikana ku vyavuye mu matora, bakaraba nyabuna ingene boteza imbere igihugu.
Mw'ijambo perezida Mnangagwa yashikirije kuri uno wa mbere aho Zimbabwe yari iramutse yibuka intwari zagwaniye ukwikukira, yavuze ko ibibazo bihanze Zimbabwe ari vyinshi.
Mnangagwa yagirije muri iryo jambo umugambwe utavuga rumwe nawe, MDC, kuba waragize uruhara ku bwicanyi bwakurikiye amatora yo kw'igenekerezo rya 30 ukwezi kw'indwi.
Umugambwe MDC wo uvuga ko batandatu baguye mu myiyerekano yo kwanka ivyavuye mu matora barashwe n'abasirikare b'igihugu.
Ibirori vyo kurahira vya Mnangagwa vyari bitegekanijwe kuri uno wa Mungu vyegejwe vyarasibijwe biturutse ku mu gambwe MDC witwaye muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Zimbabwe wemeje ko perezida Mnangagwa wa ZANU-PF yatsinze n’amajwi 50.8%, Nelson Chamisa nawe aronka amajwi 44.3%.
.
Facebook Forum