Uko wahagera

Mnangagwa Yatsinze Amatora muri Zimbabwe


perezida akongera akaba kandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe Emmerson Mnangagwa aheje gutora i Sherwood muri Kwekwe itariki 30/07/2018.
perezida akongera akaba kandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe Emmerson Mnangagwa aheje gutora i Sherwood muri Kwekwe itariki 30/07/2018.

Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa wo mu mugambwe ZANU-PF, yahoze ari soma mbike na Robert Mugabe, niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu, mu biharuro vyatangajwe kuri uyu wa gatanu, inyuma ya sasita z’ijoro mu masaha yo mur’ico gihugu.

Mnangagwa yatsinze ku majwi 50.8 kw’ijana vy’abatoye, imbere ya Nelson Chamisa wo mu mugambwe MDC, yaronse amajwi 44.3 kw’ijana, Ivyo vyatangajwe na Komisiyo y’amatora.

Imbere gato yuko ivyo biharuro bitangazwa ku mugaragaro, umuvugizi w’umugambwe MDC utavuga rumwe n'ubutegetsi, Morgan Komichi yavuze ko ayo majwi yatangajwe atari yo.

Inyuma yo gutangaza ko Mnangagwa yatsinze, Morgan Komich yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko umugambwe wiwe utemera ivyavuye mu matora, ko bagiye kwitura ubutungane.

Igiporisi n’igisirikare bari mu mabarabara y’i Harare ijoro ryose, ariko nta banywanyi b’imigambwe bari mu myiyerekano, kiretse abantu bake biginye intinzi ibiharuro bimaze gutangazwa.

Ayo matora yari yitabwe ku rugero rwa 80 kw’ijana mu ntara cumi zikomeye mu gihugu.

Mu matora y’abashingamateka, nayo nyene yabaye ku musi wa mbere, umugambwe ZANU-PF watsinze bitawugoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG