Uko wahagera

Zimbabwe: Nelson Chamisa Yemeza ko Yatsinze Amatora

Nelson Chamisa, arongoye umugambwe MDC utavugarumwe n'ubutegetsi muri Zimbabwe, ashikiriza ko ahakana ivyavuye mu matora, i Harare, Zimbabwe, itariki 3/08/2018.
Nelson Chamisa, arongoye umugambwe MDC utavugarumwe n'ubutegetsi muri Zimbabwe, ashikiriza ko ahakana ivyavuye mu matora, i Harare, Zimbabwe, itariki 3/08/2018.

Nelson Chamisa, atavugarumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe yavuze ashimitse kuri uyu munsi wa gatanu ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, avuga ko ibiharuro vyatangajwe, birimwo ubusuma, bitubahirije amategeko, bitemewe n’amategeko kandi atari ivyo kwizera.

Chamisa yavuze ko yatsinze amatora kandi yiteguye gushinga reta yiwe. Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, inyuma y’aho Perezida Emmerson Mnangagwa wo mu mugambwe ZANU-PF ashikirijwe ko yatsinze ku majwi 50.8 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG