Uko wahagera

Zimbabwe: ZANU-PF Yemejwe ko Yegukanye Intsinzi


Abanywanyi b'umugambwe ZANU-PF bizihiza intsinzi ya Emmerson Mnangagwa
Abanywanyi b'umugambwe ZANU-PF bizihiza intsinzi ya Emmerson Mnangagwa

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabwe, ZANU-PF, watsindiye ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka. Ni kubw’ivya mbere bivuye mu matora vyashikirijwe icese uno musi ku wa gatatu.

Ibiharuro vy’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora vyerekana ko umugambwe ZANU-PF, watsindiye ibibanza 109 ku bibanza 210 bigize inama nshingamateka. Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, mu mpfunyapfunyo, MDC, waronse ibibanza 41.

Abarorerezi b’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya batangaje ko amatora atabaye mu buryo buringaniye. Bamenyesha ko yaranzwe n’ugutera ubwoba abatora n’ukutizigira umurwi w’igihugu ujejwe amatora n’uguhengama kw’itangazamakuru.

Umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya warerekanye amakenga kandi kw’itebeshwa ry’ugushikiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu. Uwo muryango uribaza niba Zimbabwe ishobora guhindura isura ifise mu makungu.

Amajwi aracariko araharurwa ku bijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu. Ibivuye muri ayo matora bitegekanijwe gutangazwa mu mpera z’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG