Uko wahagera

Zimbabwe mu Matora Atarimwo Mugabe


Nelson Chamisa Bindura, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ku biro vyiwe i Harare, itariki 27/07/2018
Nelson Chamisa Bindura, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ku biro vyiwe i Harare, itariki 27/07/2018

Abanyezimbabwe bitavye amatora y’umukuru w’igihugu kuri uno musi wa mbere. Abatari bake bizera ko ibizovamwo bizotuma igihugu kiva mu bibazo vy’ubutunzi kirimwo vyatewe n’intwaro ya Robert Mugabe yamaze ikiringo c’imyaka 37.

Abakandida babiri bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihgu, bitavye amatora kuri uno musi wa mbere. Bose bafise ukwizera kwinshi ku ntsinzi. Abo nabo ni Prezida Emmerson Mnangagwa yafashe ubutegetsi inyuma yaho Mugabe atanze imihoho mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze hamwe na Nelson Chamisa wo mu runani rw’abatavuga rumwe na reta.

Igihe yashika mu kibanza co gutora, Mugabe yahashitse asa n’uwo amagara akitse. Yashitse mu kibaza co gutora c’i Highfield afashijwe n’umutambukanye wiwe Grace, hamwe n’umukobwa wiwe Bona. Umuryango wa Mugabe wakiriwe n’igishika cinshi c’abanyagihugu bari muri ico kibanza.

Kuri uyu w'Imana Mugabe yatangaje ko atazotora umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF, mu matora y’umukuru w’igihugu. Yabitangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa yiwe ku murwa mukuru i Harare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG