Uko wahagera

Reta ya Zimbabwe Iregwa Guhohotera Abatavugarumwe Nayo


Abasirikare ba reta bakubita abanywanyi b'umugambwe MDC wa Nelson Chamisa i Harare, Zimbabwe, itariki ya 1/08/2018.

Mu gihugu ca Zimbabwe, abajejwe gucungera umutekano hamwe n’abandi bantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana, bakubise bongera baraturubika abantu isinzi, mu mugambi wo gutuza abanyapolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, inyuma y’aho habereye amatora yaranzwemwo amatati.

Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe rihanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, uyu musi ku wa kabiri.

Itangazo ryashizwe ahabona na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe rya Bulaya naryo, ryiyamirije ubwo bugizi bwa nabi busubiye kwaduka.

Ivyo birego bishikirijwe na Human Rights Watch biteye kubiri n’amakuru yatangajwe na reta ya Prezida Emmerson Mnangagwa, avuga ko ubugizi bwa nabi bushigikiwe na reta bwose, bwagizwe umuziro.

Human Rights Watch rivuga ko ryatororokanije ivyemezo vyerekena ukuntu abasirikare ba reta bakubise abantu bari mu bunywero ku murwa mukuru Harare.

Iryo shirahamwe ryatangaje kandi amakuru avuga ukuntu abantu batandatu bambaye ibibahisha mu maso bakubise umusore arongoye urwaruka rutavuga rumwe n’ubutegetsi, bakongera bakanyuruza abagabo babiri.

Sibusiso Moyo, umushikiranganji ajejwe imigenderanire akanaba n’umusirikare w’umujeneral ari mu karuhuko ko mu zabukuru, yahakanye ayo makuru avuga ubugizi bwa nabi bukorwa n’abajejwe gucungera umutekano.

Uyu musi ku wa kabiri kandi, abantu 27 bari mu mashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu, bari bahagaritswe bagirizwa gutera umugumuko ku murwa mukuru Harare, barekuwe babanje gutanga ingwati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG